Uko wahagera

Muyinga: Urwaruka Rusaba Uruhara mu Biganiro


Urwaruka 30 ruturuka mu makaratiye atandukanye y’igisagara ca Bujumbura na 8 baturuka mu ntara ya Muyinga nibo bahuriye mu biyago vy’ingene umwumvikano muke wocibwa hagati y’urwaruka rudahuje ivyiyumviro vya politike

Urwo rwaruka ruvugako abanyepolitike babafatira mu bukene barimwo. Ruratanga n’ intumbero y’ingene hoba umubano mwiza hagati y’urwaruka ruri mu migambwe itandukanya. Ubwa mbere rusabako abanyepolitike boganira bahuza ku matati ari ari hagati yabo. Ubwa kabiri rugasaba ko ibiganiro bihuza urwaruka vyoba vyinshi.

Inyigisho zatanzwe zari zihagaze ahanini kwigisha urwaruka kubana neza naho rutoba ruhuje ivyiyumviro vya politike. Abatanze izo nyigisho bavugako bagitangura batari bazi bashobora gushika kugikorwa gikomeye nk’ico bashitseko. Ni mugihe abazitavye bemeza ko zitabasize uko zabasanze.

XS
SM
MD
LG