Uko wahagera

ISIS Igamije Guhungira muri Afrika


Liyetena Jenerali Thomas Waldhauser, arongoye inteko z'Amerika muri Afrika
Liyetena Jenerali Thomas Waldhauser, arongoye inteko z'Amerika muri Afrika

Umuhari wa reta ya Kiyisilamu ushobora kwimurira ibirindiro vyawo ku mugabane w’Afirika cane cane mu bihugu birangwamwo intambara n’intwaro zigoyagoya mugihe wokwirukanwa muri Iraki na Siriya.

Ivyo bimenyeshwa n’umusirikare w’Amerika w’ipete rya jenerari aheruka kugenwa ngo arongore abasirikare b’Amerika bari muri Afirika.

Liyetena Jenerali Thomas Waldhauser, yabwiye k’umusi wa kabiri akanama ka sena y’Amerika gakurikirana ivy’intambara ko kubona mu bihugu bitari bike vy’Afirika hari intambara, bishobora kworohera umuhari wa reta ya Kiyisilamu kuvogera Afirika bitawugoye.

Nawe Senateri Angus King, aserukira reta ya Maine muri sena y'Amerika yamenyesheje ko ikindi gishobora gutuma woroherwa kuvogera muri Afirika n’ibiturire vyiranzeyo hamwe n’ubutunzi budatera imbere.

Umuhari wa reta ya Kiyisilamu uza waramaze gushinga ibirindiro muri Libiya no mu bihugu vyo muri Afrika y’uburengero aho ukorana na Boko Haram.

Waldhauser yamenyesheje ko hakenewe kwongerezwa ibikorwa vy’iperereza, gucungera no kugendereza abarwanyi b’uwo muhari muri Libiya no mu bihugu vy’Afirika y’ubuseruko kugira bawukurikiranire hagufi.

XS
SM
MD
LG