Uko wahagera

Trump Yari Mu Mugambi Wo Kugandagurwa


Abajejwe umutekano bafashe Michael Steven Sandford yari mu mugambi wo Kugandagura Donald Trump
Abajejwe umutekano bafashe Michael Steven Sandford yari mu mugambi wo Kugandagura Donald Trump

Muri Leta zunze ubumwe z’Amerika, umuhungu w'umusore yamuka mu gihugu c’Ubwongereza yariko ategura kugandagura Donald Trump ariko yiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe w’aba republika.

Uwo musore azwi kw’izina rya Michael Steven Sandford yafatiwe mu gisagara ca Las Vegas k’umusi wa gatandatu n’abajejwe iperereza.

Ikirego cashikanywe muri sentare y’igihugu k'umusi wa mbere kivuga ko Sandford yagiye n’imodoka mu bice bitandukanye vy’Amerika mu ndwi iheze arondera gushika aho Trump ariko ariyamamariza kugira ashike ku mugambi wiwe.

Umwe mu bajejwe iperereza yanditse urwandiko ruvuga ko Sandford yiyemereye ko yar’amaze umwaka wose ategura uwo mugambi, ariko ngo iki gihe niho yabonye ko cari ciza kugira awushikeko.

Nta gituma yagira akore ubwo bwicanyi yashikirije.

Sandford yabwiye abategetsi ko no mugihe yorekurwa azogerageza kandi kuraba ko yomwica. Urubanza rwiwe ruzoburanishwa italiki zitanu z’ukwezi kwa ndwi, uyu mwaka w’2016.

XS
SM
MD
LG