Uko wahagera

MINUSMA Izongererwa Abasirikare 2500


Inyuma y’umwaka Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ritanguye kurungika abasirikare baryo mu gihugu ca Mali, kugwanya imigwi y’iterabwoba, iryo shirahamwe ryatangaje ko rigiye kwongereza abasirikare bagera ku 2,500. Abo baziyongera ku bihumbi cumi na bibiri basanzwe bakorera muri ico gihugu.

Modibo Keita, umushikiranganji wa mbere wa Mali, yavuze ko ingorane atar’igitigiri c’abasirikare. Keita yatangaje kandi ko ivyo bidasigura ko Mali itishoboje mu kugwanya iterabwoba, ahubwo ko yiyemeje kurigwanya. Yasavye ONU ko mur’urwo rugamba, abasirikare ba Mali boronswa inyigisho zikwiye.

Umugwi w’Abasirikare ba ONU muri Mali, MINUSMA, batanguye mu mwaka w’2013. Inyuma y’ibitero vy’umugwi w’iterabwoba ry’Aba tuwaregi, mu mwaka w’2012, abashika kuri mirongo itandatu n’abatandatu (66), baramaze kwitaba Imana. Uyu mugwi MINUSMA nico gisirikare ca ONU kibangamiwe mw’isi.

XS
SM
MD
LG