Uko wahagera

Umunywanyi wa FNL Yanyurujwe muri Rumonge


Umunywanyi w’umugambwe FNL anawurongoye ku rwego rw’intara ya Rumonge ntawuzi irengero ry’iwe kuva mw’ijoro ry’uyu wa mbere.

Umunywanyi w’umugambwe FNL anawurongoye ku rwego rw’intara ya Rumonge ntawuzi irengero ry’iwe kuva mw’ijoro ry’uyu wa mbere.

Uwo yaraye anyurujwe azwi kw’izina rya Emmanuel Minani batazira Kana. Aba muri karitiye Carama ya zone Kinama mu gisagara ca Bujumbura asanzwe arongoye umugambwe FNL ku rwego rw’intara ya Rumonge, ari no mu nama nyobozi ya komine Rumonge.

Imbere y’uko abo bantu banyuruzwa abanyagatumba begereye aho hanyururijwe abo bantu, bavuga ko mu masaha y’umugoroba kur’uyu wa mbere bakebwe n’uruja n’uruza rw’abantu batazi mur’ako gace.

Mu mugambwe FNL nabo nyene bashikiriza ko bakubiswe n’inkuba bumvise inyuruzwa rya Minani . Iyi nkuru tuyigezwaho n'umumenyeshamakuru Evariste Nzikobanyanka, Ijwi ry’Amerika.

XS
SM
MD
LG