Uko wahagera

USA: Ubushuhe Bwahitanye Bane


Muri Leta zunze ubumwe z’Amerika, abantu bashika bane baramaze gupfa bahitanwe n’ubushuhe burenze urugero bugaragara mur’iki gihe.

Imiriro yaradutse k’umusi wa mbere mu burengero bw’igisagara ca Santa Barbara, muri iyo reta, iya Arizona na New Mexico.

Abo bantu bane bapfiriye muri reta ya Arizona k’umusi w’Imana. Bose bavugwa ko bari basohotse hanze kwinezereza, ubushuhe buba bwinshi mu bice barimwo. Bose bari urwaruka ruri mu myaka 20.

Mu bisagara bitari bike vyo muri reta ya Californiya ubushuhe bwari bugeze ku gipimo cya 38 ku misi ya mungu n’uwa mbere.

Nayo mu gisagara ca Palm Springs gisanzwe ar’ubugaragwa co ubushuhe bwari kuri 48.

XS
SM
MD
LG