Uko wahagera

Irani: Ibikorwa Vy’Iterabwoba Vyaburijwemwo


Yasin al-Suri, Umwe mu bakorera al-Qaeda muri Irani
Yasin al-Suri, Umwe mu bakorera al-Qaeda muri Irani

Abategetsi bajejwe iperereza mu gihugu ca Irani bamenyesheje ko baburijemwo umugambi wo kugaba igitero c’iterabwoba gikomeye cari kuzobera k’umugwa mukuru Teheran hamwe no mu bindi bice vy’igihugu.

Ivyo vyatangajwe ku musi wa mbere n’ikinyamakuru ca reta ya Irani citwa IRNA.

Mw’itangazo ryashikirijwe kuwa mbere, umushikiranganji ajejwe ibikorwa vy’iperereza yatangaje ko baburijemwo umugambi wariko utegurwa n’akarwi kagira iterabwoba kitwa takfiri, kariko gategura guturitsa amabombe mu misi iza.

Umunyamabanga ajejwe akanama k’umutekano mu gihugu, Ali Shamkhani amenyesha ko abo bari mur’iyo nteguro bafashwe, amabombe atari make hamwe n’ibindi bisasu biturika vyinshi navyo vyafashwe.

Amenyesha kandi ko ico gitero cari giteguwe ku musi w’akaruhuko ku ba Isilamu wiswe Ramadhan.

XS
SM
MD
LG