Uko wahagera

Turukiya: Abanyamakuru Batatu Mu Minwe y’Ubutegetsi


Abanyamakuru ba Turukiya basaba ubwigenge bw'ugutangaza amakuru

Abanyamakuru ba Turukiya basaba ubwigenge bw'ugutangaza amakuru

Mu gihugu ca Turukiya, abamenyeshamakuru batatu barahagaritswe n’ubutegetsi bagirizwa gufasha mu kwamamaza ibikorwa vy’iterabwoba.

Bahagaritswe ku musi wa mbere. Bazwi ku mazina ya Erol Onderoglu, aserukira ishirahamwe ry’abanyamakuru batagira imbibe, Reporter Sans Frontiere, Sebnem Korur Fincani, arongoye ikigo giharanira agateka ka muntu.

Uwugira gatatu ni Ahmet Nesin, umwanditsi akongera akaba n’umumenyeshamakuru.

Bagirizwa kwifatanya n’ishirahamwe riharanira ubwigenge bw’abanyamakuru rifise icicaro mu gisagara ca Diyarbakir, reta iryagiriza gishigikira umuhari w’abarwanyi b’umugambwe PKK utavuga rumwe na reta.

Amakuru atangwa n’umushingwamanza wabo Ozcan Kilic, avuga ko har’abandi bantu bagera kuri 49 bariko bagirwako amatohozwa barimwo, abanyamakuru, abanditsi, abakina amareresi, abigisha hamwe n’abahoze ari abashingamateka.

Raporo yo mu mwaka w’2015 yasohowe n’ishirahamwe ryishinze gukingira abanyamakuru rifise icicaro muri Amerika CPJ mu mfunyafunyo y’icongereza imenyesha ko Turukiya kiza ubwa mbere mu bihugu bipfunze abanyamakuru benshi.

Gushik’ubu abashika 40 nibo bari mu mabohero.

XS
SM
MD
LG