Uko wahagera

Impunzi Zirenga Miliyoni 65 kw'Isi


Ishirahamwe Mpuzamakungu rijejwe impunzi kw’isi, HCR mu mpfunyapfunyo, ryatangaje kur’uyu munsi wahariwe impunzi ko abarenga imiliyoni 65 baharugwa nk’impunzi mw’isi. Igice cabo n’abana.

Impunzi zishika ku miliyoni 10, zituruka mu gihugu ca Siriya. Imiliyoni 3 murabo bahungiye hanze y’igihugu, abandi bahungira hagati mu gihugu.

Filipo Grandi, aserukira Ishirahamwe HCR, avuga ko izo impunzi nyinshi zishira ubutumwa ibihugu bitey’imbere vya Buraya n’ahandi, buvuga ko kudatora umuti w’ibibazo bituma ibibazo bigusanga ahuri. Grandi avuga ko ar’ubutumwa bubabaje ariko bukomeye.

Mu mwaka uheze, amamiliyoni n’amamiliyoni y’abahunga, n’abimukira barahunze bava muri Afrika y’uburaruko, bagana ibihugu vya Buraya. Mur’uku kwezi kwa gatanu kw’2016, abimukira bagera ku 19,000 nibo binjiye mu gihugu c’Ubutariyano. Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya ririko rirakorana n’igihugu ca Libiya, kugira rihagarike ubwinshi bw’abo bahunga.

Gauri Van Gulik, akorera Ishirahamwe ry’Abongereza rijejwe agateka ka zina muntu, Amnesty International, avuga ko uwo atariwo muti. Asigura ko ivyo bihugu vyari bikwiye nyabuna kwiyumvira uburyo bwo gufasha no gukingira izo mpunzi.

Ishirahamwe HCR, rivuga ko impunzi zizobandanya kugwira mu bihugu vya Buraya, igihe cose ubutunzi n’umutekano bitazoba vyubahirijwe ku rugezo rumwe.

XS
SM
MD
LG