Uko wahagera

Turukiya: Imyigaragamvyo y'Ababana Bahuje Ibitsina Yaraburijemwo


Mu gihugu ca Turukiya, igipolisi co ku murwa mukuru Istanbul caraburijemwo imyiyerekano yari yateguwe n’ababana bahuje ibitsina ku musi wa mungu.

Abapolisi baharurwa mu majana bari bakikuje abigaragamvya bari bakoraniye mu gisagara hagati bitwaje amabendera y’umuhari w’ababana bahuje ibitsina bise LGBT Community mu Congereza.

Abantu batari bake bavugwa ko bahagaritswe n’igipolisi inyuma yaho bankiye gukurikiza amategeko.

Iyo myiyerekano yama itunganwa uko umwaka utashe kuva mu mwaka w’2003. Ariko abategetsi bo mur’ico gisagara ca Istanbul bari babimye uruhusha ku musi wa gatanu, mu kuvuga ko bishobora guhungabanya umutekano w’abanyagihugu.

Imbere yuko iyo mwigaragamvyo iburizwamwo kuwa mungu, umutekano wari ucungerewe bikomeye muri Istanbul, inyuma y’ibisasu vyari bihitiye bihaturikira.

Kimwe caturikiye aho nyene iyo myigaragamvyo yagira ibere mu kwezi kwa gatatu gihitana abantu batanu.

XS
SM
MD
LG