Uko wahagera

Nijeriya: Perezida Buhari Yaratahutse Akize


Perezida wa Nijeriya, Muhammadu Buhari.
Perezida wa Nijeriya, Muhammadu Buhari.

Perezida wa Nijeriya, Muhammadu Buhari kuwa mungu niho yatahuka mu gihugu ciwe inyuma yaho yar’amaze indwi zibiri mu gihugu c’Ubwongereza kwivuza indwara yo mu matwi.

Perezida Buhari agishika ku kibuga c’indege co k’umurwa mukuru Abuja, yabwiye abamenyeshamakuru ko amagara yiwe yifashe neza.

Buhari afise imyaka 73 y’amavuko, yari yagiye I Londres k’umurwa mukuru w’ubwongereza italiki zitandatu z’uku kwezi kwa gatandatu kubonana n’umuganga w’umuhinga w’amatwi, amazuru hamwe n’umuhogo.

Vyari bitegekanijwe ko atahuka muri Nijeriya k’umusi wa kane.

Ukwo guteba kwiwe kwatumye abanyanijeriya bagira amakenga ku magara yiwe, na nyaburya ico gihugu kiri mu bihe bigoye bifatiye ku mutekano muke uterwa n’umugwi w’iterabwoba wa Boko Harama hamwe n’ubutunzi butifashe neza.

XS
SM
MD
LG