Uko wahagera

Burundi: Abagirizwa Urudandazwa rw'Abigeme n'Abakenyezi Berekanywe


Abigeme n'abakenyezi 267, baramaze kujanywa hanze biciye mu nzira z'urudandazwa rw'abantu. Igipolisi c'Uburundi cerekanye kuri uyu w'Imana bamwe mu bagirizwa urwo rudandazwa, congera kiravuga n'amashirahamwe yo mu Burundi n'ayo hanze akorana muri urwo rudandazwa.

Abo bakenyezi n abigeme 267 bajanywe hanze, kuva mu kwezi kwa kane gushika itariki cumi n'imwe z'ukwezi kwa gatandatu. Bamwe mu bagirizwa urwo rudandazwa igipolisi cerekanye, harimwo Abarundi n'Abanyakenya . Mu gipolisi bavuga ko abo bantu badakora ku giti cabo, ahubwo ko bafise amashirahamwe yo mu Burundi n'amashirahamwe yo mu mahanga bakorana urwo rudandazwa rw'abantu.

Mu mashirahamwe akorera mu Burundi, iryitwa, Royal Services, niryo biboneka ko ryarungitse hanze y'igihugu abigeme n'abakenyezi b'Abarundikazi benshi hihwejwe amakuru yatanzwe n'igipolisi.

Abo mw'ishirahamwe, Royal Services, babwiye bagenzi bacu bo muri radiyo isanganiro ko batanguye gukora kuva mu kwezi ku icumi narimwe kw umwaka uheze, kandi ko bemewe n'amategeko.

Yamara mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu ari naho hatangigwa impusha zemerera amashirahamwe gukora, barahakana ko mu ntonde z'amashirahamwe bafise akorera mu Burundi iryitwa ,Royal Services, ko ataryo bafise.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu yabivuze kw'igenekerezo ry'icumi z'uku kwezi kwa gatandatu, mu kiganiro abavugizi b’inzego zitandukanye z'igihugu bari batunganije. Umuvugizi w'igipolisi pierre Nkurikiye yatubwiyeko abo bantu bafashwe, berekanywe kuri uyu w'Imana bo nyene biyemerera ivyaha

Naho biri uko, kiretse ko igipolisi cemeye ko tubafata amasanamu , ntaburenganzira twaronse bwo kubabaza ibibazo. Umunyakenya umwe yari muri abo bafashwe, amaze kubona turiko tubafata amasanamu yaciye asemerera avuga ko batazi ico bariko barazira, asabako uwuserukira iguhugu ca Kenya yobimenyeshwa, agateka kabo kakubahirizwa yongera avuga ko ababafashe babatwaye amafaranga n'amatelefone.

N'inkuru y'umumenyeshamakuru, Fidelite Ishatse:

XS
SM
MD
LG