Uko wahagera

Ubutaliyano na Espanye Vyunguruje mu Gikombe c'i Bulaya


Ikimenyetso c'igikombe c'ibihugu vy'i Bulaya c'uyu mwaka w'i 2016

Ikimenyetso c'igikombe c'ibihugu vy'i Bulaya c'uyu mwaka w'i 2016

Ubutaliyano na Espanye, vyunguruje muri kimwe c’umunani c’ihiganwa ry’igikombe c’ibihugu vy’ Bulaya kiriko kibera, mu gihugu c’Ubufransa.

Ubutaliyano bwatsinze Ubusweda, igitsindo kimwe ku busa, cinjijwe n’umuinyi Eder ku munuta wa 88, mu murwi E.

Espanye yatsinze Turkiya, ibitsindo bitatu ku busa, mu murwi D. Ivyo bitsindo vyinjijwe n’abakinyi, Alvaro Morata, ku munuta wa 34 n’umunuta wa 48, hamwe na Nolito ku munuta wa 37.

Mu rundi rukino rwo mu murwi D, Croatia na Republika y’aba Czech, vyanganije ibitsindo bibiri kuri bibiri.

Urwo rukino rwaranzwe n’akajagari katwe n’abafana bateye imiriro ishobora kugeramira abakinyi, ku kibuga c’umupira w’amaguru co mu gisagara ca Saint Etienne, iyo mirwi ibiri yariko ikinirako.

Iyo miriro yavuye mu gice c’ikibuga c’umupira v’amaguru kirimwo abarorerezi bo mu gihugu ca Croatia.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru, mu karere k’i Bulaya, UEFA ryemeje ko rizotohoza ivyabaye.

Mu nkino zizoba ku musi wa gatanu, mu murwi E, Ububiligi buzokina na Republika ya Irlande.

Mu Murwi F, Hongriya, izokina na Islande, mu gihe Portugal, izohura na Autriche.

XS
SM
MD
LG