Uko wahagera

Somaliya: Abana Barakoreshwa mu Mirwano


Ikigega c’ishirahamwe mpuzamakungu cita ku bana UNICEF kimenyesha ko mu gihugu ca Somaliya hashobora kuba hari abana 5000 binjijwe mu mugwi w’abarwanyi wa al-Shabab.

Mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika, Susannah Price, ajejwe kumenyesha amakuru muri UNICEF amenyesha ko al - Shabab ihendesha abana amafaranga n’ibifungurwa kugira ibone kubigararurira.

UNICEF imenyesha kandi ko muri kahise, havugwa ko har’abana baharurwa hagati y'ibihumbi bibiri n’ibihumbi bitatu bari mu myaka icenda y'amavuko binjijwe mu gisirikare ca reta ya Somaliya.

Ibi bir’uku mugihe umugabane w’Afrika kw'igenekerezo rya 16 z'ukwezi kwa gatandatu wari uramutse uhimbaza umusi wahariwe umwana w’umunyafirika.

Susannah Price ahamagarira abategetsi ba Somali gushira imbere ya vyose gukingira abana imbere ya vyose no kubatunganiriza ubuzima bwiza.

XS
SM
MD
LG