Uko wahagera

USA: Obama Yahumurije Igisagara ca Orlando


Obama na Vise Perezida wiwe Joe Biden bariko bunamira abapfuye mu gitero c'i Orlando
Obama na Vise Perezida wiwe Joe Biden bariko bunamira abapfuye mu gitero c'i Orlando

Perezida wa reta zunze ubumwe z’Amerika Barack Obama kuwa kane yaragendeye imiryango yabuze abayo n’iy’abakomeretse mu gitero cabaye ku musi wa mungu mu gisagara ca Orlando muri reta ya Florida.

Obama n’icegera ciwe Joe Biden barabonanye mu mwiherero n’imiryango y’abantu 49 bishwe na 53 bakomeretse mu nzu yo kwidagaduramwo.

Obama yatangaje ko ata nyishu abafitiye ku kibazo bamubajije kugituma ubwicanyi buhitana abantu benshi bubandanya buba muri Amerika.

Obama yasavye ko abantu bokwifatanya n’iyo miryango mu kuvuga ko abapfuye bari gushobora kuba abo mu miryango yabo kandi amenyesha ko yifatanije nabo mu mibabaro barimwo.

Obama na Joe Biden barabonanye kandi n’abashitse ubwa mbere gutabara igihe iryo bara ryarwa, barimwo abaganga, abahagarariye amategeko, bene iyo nzu y’ubutambiro, aranabashimira ku bikorwa bakoze.

Abo bategetsi uko ari babiri barashize ingori z’amashurwe ku kibanza abantu bo mu gisagara ca Orlando bakunda guhuriramwo bariko bibuka abo bapfuye.

XS
SM
MD
LG