Uko wahagera

UEFA: Ubudage 0 - 0 Polonye


Abafana b'Abadagi

Abafana b'Abadagi

Mw'ihiganwa ry'Ubulayi rikomeje mu Bufrnsa, kuwa kane Ubudagi na Polonye vyarangije urukino busa ku bundi, mu murwi C.

Polonye ntirigera itsinda na rimwe Ubudagi mu mahiganwa akomeye incuro zitanu ivyo bihugu bimaze guhura. Iyo mirwi uko ari ibiri muri iki gihe ifise amanota ane, mu gihe hasigaye urukino rumwe mu murwi irimwo.

Mu nkino za nyuma zo mu murwi C, zizoba ku musi wa kabiri w’indwi iza, Ubudagi buzohura na Irlande yo mu buraruko i Paris, mu gihe Polonye, izohura na Ukraine, mu gisagara ca Marseille.

Mu zindi nkizo zabaye ku musi wa kane, mu murwi B, Ubwongereza bwatsinze Pays de Galles ibitsindo bibiri kuri kimwe.Ibitsindo ku ruhande rw’Ubwongereza vyinjijwe n’abakinyi Jamie Vardy, ku munuta wa 56, na Daniel Sturridge, ku munuta wa 91. Igitsindo conyene ca Pays de Galles, cinjijwe n’umukinyi, Gareth Bale, ku munuta wa 42.Mu murwi C, Irlande yo mu buraruko yatsinze Ukraine, ibirsindo bibiri ku busa.

Mu nkino zizoba, ku musi wa gatanu, mu murwi E, Ubutaliyano buzohura n’Ubusweda, mu gihe mu murwi D, Repubulika y’Abaczech izokina na Croatia, Espanye nayo ikine na Turkiya.

XS
SM
MD
LG