Uko wahagera

Ubufransa Bugarukiye Habi mu Rukino na Albaniya


Abafana b'Ubufransa na Albaniya bari hamwe mu gushigikira ibihugu vyabo imbere y'urukino hagati y'Ubufransa na Albaniya mu gisagara ca Lille, mu Bufransa, ku musi wa gatatu, italiki 15, umwaka w'i 2016
Abafana b'Ubufransa na Albaniya bari hamwe mu gushigikira ibihugu vyabo imbere y'urukino hagati y'Ubufransa na Albaniya mu gisagara ca Lille, mu Bufransa, ku musi wa gatatu, italiki 15, umwaka w'i 2016

Mu nkino z’ihiganwa ry’igikombe c’ibihugu vy’i Bulaya, mu rukino rwa mbere igihugu ca Slovakiya, catsinze, Uburusiya, ibitsindo bibiri kuri kimwe, mu murwi B.

Urukino rwakwirikiye, Rumaniya, n’Ubswise, vyaranganije igitsindo ku kindi, mu murwi A.

Mu rukino rwa gatatu, muri uwo murwi nyene, Ubufransa, bwatsinze mu minuta ya nyuma, Albaniya, ibitsindo bibiri ku busa.

Igitsindo ca mbere cinjijwe n’umkinyi Antoine Griezman, ku munuta wa mirongo icenda, mu gihe igitsindo ca kabiri cinjijwe n’umukinyi, Dimitri Payet, ku munuta wa mirongo icenda na gatandatu.

Umuntu ashobora kwumvira impuhwe igihugu ca Albanaiya, cari cazibiye neza abasatirizi b’Ubufransa, gushika ku munuta wa mirongo icenda.

Kubera iyo ntsinzi, Ubufransa bubaye igihugu ca mbere cunguruje mu ncuro ikwirikira, y’igikombe c’ibihugu vy’i Bulaya, n’amanuta atandatu mu nkino zibiri.

Mu nkino zizob,a ejo ku musi wa kane, mu murwi B, Ubwongereza buzokina na Pays de Galles. Mu gihe mu murwi C, Ukraine izohura na Irlande yo mu buraruko, Ubudagi nabwo buhure na Pologne.

XS
SM
MD
LG