Uko wahagera

FBI Irakora Iperereza Ku Mugore wa Mateen


Omar Mateen, uwarashe abantu bari mu bunywero mu gisagara ca Orlando
Omar Mateen, uwarashe abantu bari mu bunywero mu gisagara ca Orlando

Ibiro bijejwe iperereza muri Reta zunze ubumwe za Amerika FBI, vyatangaje ko Noor Zahi Salman, umugore wa kabiri wa Omar Saddiqui Mateen, uwarashe abantu bari mu bunywero mu gisagara ca Orlando muri Reta ya Florida, mw’ijoro ryo kuwa gatandatu, yarazi ko umugabo wiwe aza kugira ico gitero.

Umukozi w’ibiro bijejwe iperereza FBI, yavuze ko uyo mugore ari kumwe n’umugabo wiwe, bagendeye ubwo bunywero muruku kwezi kwa gatandatu, ku matariki ya 5 na 9. Icaha cagira uwo mugore, ngo nukuba yarazi ko umugabo wiwe ariko arategura igitero ntihagire ico avuga.

Angus King, umwe mubagize umugwi ujejwe ivy’iperereza mu nama nshingamateka, yavuze ko biboneka neza ko Salman afise ico yarazi ku gitero umugabo wiwe yakoze. Ati birumvikana ko ari na vyinshi vyo kuduhishurira.

Joe Biden, Icegera c’Umukuru w'igihugu wa Reta zunze Ubumwe za Amerika, yavuze ko ivy’ico gitero cabaye mu ntara ya Orlando, muri Reta ya Florida, biriko biratera bija ahabona. Abajejwe iperereza bariko bararondera kumenya icatumye Mateen akora ico gitero.

Biden yavuze kandi ko Perezida Barack Obama, azogira ico abivuzeko mu buryo burambuye. Perezida Obama yiteze kugendera intara ya Orlando ku munsi wa kane.

XS
SM
MD
LG