Uko wahagera

Impunzi Zizohiganwa Mu Nkino Olimpike


Igihugu ca Kenya cakiriye abanonotsi batanu muri cumi b’impunzi bazohiganwa uyu mwaka mu nkino mpuzamakungu Olimpike, zizobera i Rio, mu gihugu ca Bresil. Umugwi Mpuzamakungu ujejwe inkino uvuga ko uyo mugwi ar’ikimenyetso c’ivyizigiro, kwari n’akaryo ko kwibuka ingorane impunzi zo mw’isi yose zigira.

Abo banonotsi ukw’ari batanu baturuka mu gihugu ca Sudani y’Amajepfo, bariko bimenyerereza kuzokwiruka imetero amajana 800.

Umumenyereza wabo avuga ko urutonde gw’abo banonotsi mu myimenyerezo y’iryo higanwa, rutoroshe. Inyuma y’iminota 45 y’imyimenyerezo, barafata amasaha abiri yo kwiruka.

Jackson Kemoi, umuyobozi w’ikigo Olympians’ training camp, ikigo abo banonotsi basanzwe bariko barimenyerezamwo, avuga ko yizeye ko bazotahukana intsinzi.

Kemoi avuga ko abo banonotsi bagira ibihe vyiza murico kigo, kandi ko bafise indero ikwiye, kimwe mu vyangombwa kugira batsinde iryo higanwa.

XS
SM
MD
LG