Uko wahagera

Kenya: Abaguye Mu Gitero Ca Orlando Bibutswe


Muri Kenya, kimwe n’ibindi bihugu muri Afurika, ugukundana canke kw’ubakana n’uwo musangiye igitsina ntivyemewe kandi birahanwa n’amategeko

Muri Kenya, kimwe n’ibindi bihugu muri Afurika, ugukundana canke kw’ubakana n’uwo musangiye igitsina ntivyemewe kandi birahanwa n’amategeko

I Nairobi muri Kenya, ku muguroba w’umusi wa kabiri imigwi n’amashirahamwe y’abakundanda basangiye ibitsina baragize igiteramo co kugandarira abagandaguriwe mugitero cagizwe mugisagara ca Orlandi muri reta ya Florida muri reta zunze ubumwe za Amerika mukibanza abantu batambiramwo.

Inyandiko zari kubutumire bw’ico giteramo, zavuga ziti “Turi kumwe” zongera zirasaba abantu kuza, bakatsa amabuji, bagasenga, bakaza bazanye amashugwe, bakanasangira ivyiyumviro kuvyabaye.

Ico giteramo cabareye kunkengera y’igisagara ca Nairobi categuwe n’umwe mubaharanira ineza ry’abakundana basangiye ibitsina.

Kenya, kimwe n’ibindi bihugu muri Afurika, ugukundana canke kw’ubakana n’uwo musangiye igitsina ntivyemewe kandi birahanwa n’amategeko, harimwo kurihishwa ihadabu no gushigwa mumunyororo. Iyvo bikaba bisigura impamvu ico giteramwo categuwe nuwo Andrew Ocheng citabwe n’abantu nka 40 gusa.

XS
SM
MD
LG