Uko wahagera

Ubushinwa Bugabisha Obama Kutakira Dalai Lama


Ubushinwa bwagabishije Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, kutakira Dalai Lama, umuyobozi mukuru w’idini rya Buda, mu ntara ya Tibet. Ico gihugu gitangaza ko ivyo bishobora kugeramira ukwizigirana hagati ya Amerika n’Ubushinwa.

Iyo nama itegekanijwe kuba, mu mwiherero, uno musi ku wa gatatu, hagati ya perezida Obama, na Dalai Lama, kugira ntibishavuze Ubushinwa, bumubona nk’umuntu ateye ubwoba, kubera akokeza ukwiyonkora kw’intara ya Tibet.

Perezida Obama, amaze kubonana na Dalai Lama, incuro zitari nke, akaba amwita umugenzi.

Yamara Ubushinwa, bufise ubwoba ko kumwakira bitanga ubutumwa ataribwo, ku banya Tibet.

Ubushinwa butangaza ko hamwe Obama, yobonana na Dalai Lama, vyotanga ubutumwa ataribwo, ku bashaka kwiyonkora ku gihugu, kandi ko vyogeramira ukwizigirana hagati y’Ubushinwa, na Amerika, n’ugukorana hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Ibiganiro hagati ya Dalai Lama, na Reta y’Ubushinwa, vyahagaze mu mwaka w’i 2010.

XS
SM
MD
LG