Uko wahagera

UNICEF Iragabisha ku Bana Binjira mu Buraya


Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, mu gisata kijejwe ikigega c’abana, ryasohoye icegeranyo kigabisha ku gitigiri c’abana bahunga canke bakagerera mu bihugu vya Buraya batari kumwe n’abavyeyi.

Mu mwaka uheze, amashirahamwe ajejwe gufasha abana bahungira mu bihugu vya Buraya, baciye mu buseruko bw’ibahari Mediterane, yari yihaye intego yo kubafasha no kubakingira. Ariko rero igitigiri c’abinjirira muriyo nzira caragabanutse, kuva aho hashiriweho amasezerano yo kwugara imipaka y’ako gace k’amabahari.

Umuvugizi w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho abana, Sarah Crowe, yavuze ko ubu barajwe ishinga n’abana binjirira hagati mw’ibahari Mediterrane.

Uyu mwaka, igitigiri c’abana icenda kuri cumi, binjirira mu gihugu c’Ubutariyano baza ari bonyene. Ivyo vyabaye mu gihe amakungu yariko yitaho ibibera mu Bugiriki.

Mu cegeranyo cayo, Ishirahamwe UNICEF rivuga ko abana bagera ku bihumbi indwi aribo binjiye mu Butariyano bavuye mu buraruko bwa Afrika, mur’aya mezi atanu y’umwaka. Iki gitigiri kiruta incuro zibiri ic’umwaka uheze.

Abana babajijwe murico cegeranyo, bavuga ko bashurashuzwa ku nguvu, bagahohoterwa, bakagurishwa aho bageze hose mur’ugwo rugendo. Crowe avuga ko abo bana barengana mu buryo bwitwa “Urengana aruko urishe”, “pay as you go” mu mfunyapfunyo. Bigatuma bindandaza.

Umuvugizi wa UNICEF Crowe yabwiye Ijwi rya Amerika ko ibice mirongo icenda na bitanu kw’ijana (95%) vy’abo bana aba ar’abahungu, bafise imyaka iri hagati ya cumi n’itanu na cumi n’indwi. Abo bana bava mu bihugu vya Somaliya, Eritreya, Gambiya, mu nyuma haje n’abo mu Misiri.

Abahungu, co kimwe n’abakobwa, bashurashuzwa ku nguvu bose kugira bashobore kuriha amadeni y’ababafasha kurengana.

Ishirahamwe UNICEF riragabisha ko narirya ici ryegereje, ico gitigiri c’abana binjira mu bihugu vya Buraya, baciye mw’ibahari Mediterane, gishobora kuba aric’intango.

Mu gihugu ca Libiya hari abimukira bashika ku bihumbi amajana abiri na mirongo itatu na batanu (235,000), abarenga ibihumbi cumi ar’abana batari kumwe n’abavyeyi.

Iryo shirahamwe rivuga ko abo bana bose bafise uburenganzira bwo gukingigwa. Igihugu cose bavuyemwo, n’ico binjiyemwo, gitegerezwa kubakingira ayo mabi baba bariko barahura nayo.

XS
SM
MD
LG