Uko wahagera

ONU Iranegura Ikwiragira ry’Ibirwanisho Muri Amerika


Umutegetsi mukuru ajejwe agateka ka muntu mw'ishirahamwe, O-N-U, Zeid Ra'ad al Hussein
Umutegetsi mukuru ajejwe agateka ka muntu mw'ishirahamwe, O-N-U, Zeid Ra'ad al Hussein

Umukuru w’igisaga c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku gateka kazina muntu, Zeid Ra'ad al-Hussein asaba Leta zunze z’Amerika gushiraho amategeko akomeye yo gusuzuma ibirwanisho kugira ikingire abanyagihugu bayo.

N’inyuma yaho habereye ubwicanyi bwahitanye abantu 49 bukomeretsa abandi 53 mu gisagara ca Orlando, muri leta ya Florida k’umusi wa mungu.

Abicishije k’umuvugizi wiwe, Rupert Colville, Zeid amenyesha ko kubona abanyagihugu bo muri Amerika bashobora kugura inkoho, harimwo n’izikomeye bisiga ubwenge.

Anegura ukuntu uwuvyipfuza wese yaba uwufise kahise kabi mu bijanye n’ubwicanyi canke indwara zo mu mutwe canke afitaniye imigenderanire n’intagondwa ashobora kworoherezwa kugura ibirwanisho vyica.

Aranegura kandi inyifato y'abanyepolitike bo muri Amerika baciye bitwaza ubwo bwicanyi mu gushikiriza amajambo y’urwanko kuba Isilamu.

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu cita ku mpunzi HCR, naco kiriyamiriza imvugo z’abanyepolitike zita impunzi ko ari abakora iterabwoba, ko zidakwiye kwemererwa kwinjira muri Amerika.

XS
SM
MD
LG