Uko wahagera

USA: Aba Isilamu Bariyamiriza Ubwicanyi bw'i Orlando


Aba Isilamu iyo bava bakagera muri Leta zunze ubumwe z’Amerika barakoraniye hamwe n’abandi kuwa kabiri mu kwibuka no kwiyamiriza ubwicanyi bwabaye mu gisagara ca Orlando k’umusi wa mungu.

Ni mugihe basanzwe bari mu mafungo y’ukwezi kwa Ramazani. Ramazani y’uyu mwaka, aba Isilamu batari bake muri Amerika bavuga ko ari akaryo keza ko guserura ikiri ku mutima.

Bamenyesha ko bateye ivyatsi igikorwa kigayitse cakozwe na Omar Saddiqui Mateen, uwo abategetsi b’Amerika bavuga ko yari mu banywanyi b’umuhari wa reta ya Kiyisilamu.

Kuva mu gisagara ca Los Angeles ugashika I Washington, no mu bindi bisagara, Aba Isilamu bavuga ko ubwo bwicanyi buteye kubiri n’ukwemera kwabo.

Abarongoye amashirahamwe y’aba Isilamu muri Amerika bavuga ko ubumwe mu kwemera kw’amadini arico bashira imbere.

Bamenyesha ko bagiye kuja hamwe mu kurwanya ubwicanyi no kwerekana uruhara bafise mu gufasha Amerika gukira ibikomere itewe n’ubu bubisha.

XS
SM
MD
LG