Uko wahagera

Uganda: Igitero cahitanye Umusirikare umwe


Umupolisi w'Ubuganda acungereye umutekano

Umupolisi w'Ubuganda acungereye umutekano

Mu gihugu c’Ubuganda, ugutana mu mitwe kurabandanya inyuma y’amezi ane aheze habaye indyane za politike zifatiye ku matora.

Amakuru atangwa n’abategetsi b’Ubuganda avuga ko abantu baharurwa hagati ya cumi na cumi na babiri bitwaje ibirwanisho bagavye igitero ku gituro c’igipolisi kiri mu gisagara ca Gulu, ku musi w’Imana.

Bagomba kubohoza umutegetsi wo mu mugambwe Uganda People's Congress, utavuga rumwe n’ubutegetsi, azwi kw’izina rya Dan Oola Odia ari mu minwe y’igipolisi.

Ico gitero camaze iminota 30 cahitanye umusirikare umwe wa reta.

Abo bantu bagavye ico gitero ntibashoboye gufatwa, ariko igipolisi caciye gitangura guhagarika abatari bake cikeka.

Ico gitero cabaye mugihe har’ayandi makuru avugwa ko har’abantu baharurwa kuri 30 barimwo abasirikare bakuru bahoze mu gisirikare bafashwe bagirizwa kurwanya ibikorwa vya reta.

Ibinyamakuru vyo mu Buganda vyo bivuga ko bahorwa gushaka gutembagaza ubutegetsi, ariko abategetsi b’igihugu barabibeshuza.

XS
SM
MD
LG