Uko wahagera

Igikombe c'i Bulaya: Islande Yahanganye na Portugal


Umukinyi Christiano Ronaldo ntiyashoboye kwinjiza igitsindo
Umukinyi Christiano Ronaldo ntiyashoboye kwinjiza igitsindo

Mu nkino z’igikombe c’ibihugu vy’i Bulaya zsabaye ejo ku musi wa kabiri, mu murwi F, Hongriya, yatsinze Autriche, ibitsindo bibiri ku busa.

Ivyo bitsindo vyinjijwe, n’abakinyi, Szalai, ku munuta wa 62, na Stieber, ku munuta wa 87.

Mu rundi rukino rwakwirikiye muri uwo murwi nyene, igihugu ca Islande caratangaje Portugal mu kurangiza urukino igitsindo ku kindi.

Ku ruhan de rwa Portugal uwinjije igitsindo ni Nani, ku munuta wa 31

Mu gihe igitsindo ca Islande, cinjijwe n’umukinyi, Birkir Bjarnason, ku munuta wa 50.

Mu nkino zizoba ku musi wa gatatu, Ubufransa buzohura na Albaniya, mu gihe Ubuswis,e buzokina n’Ubuswise, mu murwi A.

Mu murwi B, Uburusiya buzokina na Slovakiya

XS
SM
MD
LG