Uko wahagera

Euro 2016: Abafana b'Abarusiya 29 Birukanywe


Igipolisi mu gihugu c’Ubufransa catanguye kwirukana abafana b'Abarusiya.

Ivyo bibaye inyuma y’ugutana mu mitwe n’abashigikiye umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru w’Ubwongereza, mu misi ya mbere y’ihiganwa ry’igikombe c’ibihugu vy’i Bulaya kiriko kibera mu Bufransa.

Abategetsi b’Uburusiya biyamirije iyo nyifato, bakaba basavye Abarusiya kutishura ku gasomborotso, mu kiringo c’ihiganwa ry’igikombe c’ibihugu vyv’i Bulaya.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu karere k’i Bulaya, UEFA, ryategetse Uburusiya gutanga amande y’amadolari ibihumbi ijana na mirongo itandatu n’umunani, uno musi ku wa kabiri. Ishirahamwe UEFA rimenyesha kw’Uburusiya buzokwirukanwa mw’ihiganwa ry’ibihugu vy’i Bulaya, niyo abafana babwo bandanya gutera uruhagarara.

Muri ico gihe ihiganwa ry’igikombe c’ibihugu vy’i Bulaya rirabandanya.

Mu nkino z’uno musi mu murwi F ziza kuba mu kanya, Aurtiche iza gukina na Hongriya mu gihe Portugal iza gukina na Islande.

XS
SM
MD
LG