Uko wahagera

Abantu babiri bahitanywe na gerenade yaturikiye ku mugwa mukuru w’intara ya Ngozi, abandi bantu bane barakomereka cane.

Buramatari w’intara ya Ngozi Albert Nduwimana avugako ico kigwanisho cari gifiswe n’umusirikare wo mw’ikambi ya Ngozi nawe nyene ari mubo yahitanye.

Uwo mutware amenyeshako hari ibimenyetso vyerekana ko yamuhitanye yashaka kuyitera mu bantu.

Iyo gerenade yaturikiye mu gituro c’abakora akazi ko kunguruza abantu kumakinga hafi y’ishure ritoya rya Ngozi ya kabili.

Mubakomeretse harimwo n’umunyeshure yariko aja kw’ishure.

Amakuru dukesha umumenyeshamakuru w'Iradiyo Ijwi ry'Amerika, kuberako vyabaye amasaha yo kuja kukazi, akazi kahungabanye gatoya mu gisagara ca Ngozi.

Buramatari w’intara ya Ngozi avugako umutekano ugihungabana n’akazi kahungabanye umwanya muto, ibikorwa bica birasubira kubandanya uko bisanzwe.

Abanyeshure bavuganye n'Ijwi rya Amerika ahaturikiye ico kigwanisho basaba ko umutekano wocungegwa ku mashure. Bavugako atari ubwambere hatorwa ibigwanisho biteze hafi y’amashure.

Kiretse ivyabaye mu gitondo c’uwu wa kabiri, uwuramutswa intara ya Ngozi avugako umutekano usanzwe wifashe neza mu ntara arongoye

Abakomeretse basanzwe ari n’abanyagihugu babeshwaho umusi kuyundi n’akazi ko kunguruza abantu ku makinga, basaba gufashwa .

Niyonzima Albert arongoye ishirahamwe ry’abunguruza abantu kumakinga mu ntara ya Ngozi avugako ivyo kuvuza abakomeretse bamaze gutangura kubivugana n’abajejwe intwaro. Amenyesha ko ari nabo bafashije kugira kwamuganga bashobore kuvura abakomeretse atamahera barihishijwe imbere.

XS
SM
MD
LG