Uko wahagera

OTAN Igiye Gucungera Uburusiya


Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg ariko aha ikiganiro abanyamakuru ku cicaro caryo i Buruseli mu Bubirigi.

Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg ariko aha ikiganiro abanyamakuru ku cicaro caryo i Buruseli mu Bubirigi.

Urunani rw’ibihugu rutura vyagiye hamwe mu kurwanya umwansi, OTAN vyapfunditse ko bagiye kurungika batayo zine z’abasirikare mu bihugu vya Polonye, Estoniya, Latviya na Lituwaniya.

Umunyamabanga mukuru w’izo nteko, Jens Stoltenberg niwe yabimenyesheje k’umusi wa mbere. Yavuze ko ivyo bihugu vyama biriko biterwa ubwoba n’Uburusiya.

Kur’uyu wa kabiri I Buruseli mu Bubiligi hatagekanijwe inama y’abashikiranganji bo kwivuna abansi b’urwo runani igamije kwemeza burundu uwo mugambi.

Ntaco Uburusiya burashikiriza kur’iyo ngingo y’urwo runani OTAN, rwamye rubutumaho urutoke ko bwashize abasirikare babwo hafi y’imbibe z’ivyo bihugu buvuga ko buriko bucungera umutekano wabwo.

Imigenderanire hagati y’Uburusiya n’ibihugu rutura vyagize urunani OTAN yatosekaye inyuma yaho bwigaruriye intara ya Crimee.

Nn’inyuma kandi yaho butanguye gushigikira imihari yiyonkoye kuri Ukraine hamwe n’uruhara buriko buragira mu ntambara muri Siriya.

XS
SM
MD
LG