Uko wahagera

EURO 2016: UEFA riragabisha Uburusiya n’Ubwongereza


Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Bulaya UEFA, riragabisha ko rishobora gukura Uburusiya n’Ubwongereza mw’ihiganwa rya Euro 2016 mugihe abarorerezi bavyo bobandanya gutana mu mitwe.

Mwomenya ko Abantu barenga 35 aribo bakomeretse mu gisagara ca Marseille k’umusi wa gatandatu mu ntureka yadutse hagati y’abarorerezi b’ivyo bihugu uko ari bibiri kuri Stade Velodrome.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu Bufaransa, Bernard Cazeneuve yamenyesheje ko yasavye abategetsi b’inzego zo hasi guhagarika kugurisha inzoga ziboreza umusi umwe imbere yuko haba urukino.

Amenyesha ko Umutekano ugiye gukomezwa mu ma stade 10 ariko aberamwo izo nkino. Nayo igihugu c’Ubwongereza kimenyesha ko cemeye ko kigiye kurungika abandi bapolisi bazoja gufasha gucungera umutekano muri Marseille imbere yuko Ubwongereza bwongera gukina urundi rukino ku musi wa kane.

XS
SM
MD
LG