Uko wahagera

Inkino za Mbere z'Igiikombe c'i Bulaya zirabandanya


Abantu babiri bariko bibuka umufana wa Republika ya Irlande yo mu buraruko yapfuye akorotse ku ruhombe rureha imetero umunani
Abantu babiri bariko bibuka umufana wa Republika ya Irlande yo mu buraruko yapfuye akorotse ku ruhombe rureha imetero umunani

Ihiganwa ry’igikokmbe c’ibihugu vy’I Bulaya carabadanije, ku musi wa mbere.

Espagne yatsinze Republika y’Aba Czech, igitsindo ku busa. Ico gitsindo cinjijwe n’umukinyi w’inyuma, Gerard Pique, ku munuta wa 87, mu murwi D

Mu murwi E, Ubusweda na Republika ya Irlande vyaranganije igitsindo ku kindi, mu murwi E.

Urundi rukino rwa mu murwi E, rwahuje Ububiligi n’Ubutaliyano.

Ubutaliyano akaba aribwo bwatahukanye intsinzi y’ibitsindo bibiri ku busa.

Mu nkino zo ku musi wa kabiri, mu murwi F, Autriche izokina na Hongrie, mu gihe muri uwo murwi nyene, Portugal izokina na Islande.

Inyuma y’inkino za mbere mu mirwi A, B, C na D, ibintu bihagaze mu buryo bukwirikira.

Mu murwa A, ubufransa n’Ubuswise, bifise amanuta atatu, mu gihe Rumaniya na Albaniya bifise ubusa.

Mu murwi B, Pays De Galles, ifise amanuta atatu, Ubwongereza n’Uburusiya bifise inuta rimwe, mu gihe Slovakiya ifise ubusa.

Mu murwi C, Ubudagi na Pologne bifise amanuta atatu, mu gihe Irlande yo mu buraruko na Ukraine bifise ubusa.

Mu murwi D, Croatia na Espagne, bifise amanuta atatu, mu gihe Republika y’aba Czech na Tukriya bifise ubusa.

XS
SM
MD
LG