Uko wahagera

Pakisitani na Afuganisitani Vyatanye mu Mitwe ku Rubibe


Ikibanza ca Torkham kiri ku rubibe hagati ya Afuganistani na Pakistani
Ikibanza ca Torkham kiri ku rubibe hagati ya Afuganistani na Pakistani

Ugutana mu mitwe ku rubibe hagati y'Afuganistani na Pakisitani, kwabandanije inyuma y’agahengwe kamaze igihe gitoyi, uno musi ku wa mbere italiki 13 ukwezi kwa 6 umwaka wa 2016.

Ugutana mu mitwe, kwabaye mw’ijoro ryashiriye uno musi ku wa mbere, kwahitanye umuntu umwe, abandi cumi n’umunani barakomereka.

Imiryango y’Abanyapakistani igera ku majana abiri yategerejwe kwimukira mu bice birimwo umutekano kurushiriza.

Abategetsi ba Afuganisitani bavugako Pakisitani yashaka kwubaka ibibanza bishasha ku rubibe. Inteko zijejwe umutekano za Pakisitani zikaba zitabirekuriye. Pakistani ikaba yaciye irasa itumbereza iyo inteko za Afuganisitani ziri.

Abategetsi ba Afuganisitani bavugako ukurasana kwamaze amasaha umunani, mu vyahitanye umusirikare umwe w’umunya Afuganisitani, n’abandi batandatu bakomeretse.

Bamenyesha kw’igihugu ca Pakisitani, naco nyene catakaje abasirikare.

Yamara abategetsi ba Pakisitani barahakana ibitangazwa n’igihugu ca Afuganisitani, vyuko ukwubaka ibibanza bishasha ku rubibe ivyo bihugu bihana, biciye kubiri n’amategeko.

Bagiriza inteko za Afuganisitani gukoresha inguvu mu kurasa, mu vyakomekerekeje abantu cumi na babiri.

XS
SM
MD
LG