Uko wahagera

Iraki: Abasivile Ibihumbi Bariko Bahunga Fallujah


Iraki kw'ikarata
Iraki kw'ikarata

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bariko barahunga igisagara ca Fallujah baciye mu muhora ukingiwe n’igisirikare ca Iraki.

Ivyo ni mu gihe urugamba rw’ugusubira gufata igisagara ca Fallujah kiri mu minwe ya Reta ya Kiyislamun rubandanya mu ndwi igira gatatu.

Abasivile bagera ku bihumbi bine bakoresheje uwo muhora mushasha kugira bahunge ingwano.

Abasivile bagera ku bihumbi mirongo ibiri n’indwi n’amajana atanu, baramaze gushobora guhunga ingwano. Yamara abandi ibihumbi n’ibihumbi baracafatiwe mu gisagara ca Fallujah.

Bamwe bagerageza guhunga mw’ijoro baciye mu ruzi Euphrate, aho bategerezwa kugira amadolari ijana na mirongo itatu, kugira bashobore kujabuka urwo ruzi bakoresheje ubwato butoyi.

Abasivile bariko bahunga igisagara ca Fallujah, bahuye n’ububabare ntangere.

Imiryango yaratakaje abana mu gihe yariko irahunga. Bamwe barasomye nturi mu ruzi Euphrate igihe bariko bajabuka urwo ruzi, mu gihe abandi bagandaguwe na Reta ya Kiyislamu. Abatari bake barageramiwe n’inzara.

Amashirahamwe ajejwe gutabara ariko asaba iyindi mfashanyo y’amazi meza y’ukunywa, ibifungurwa n’uburaro ku basivile bavuye mu zabo.

XS
SM
MD
LG