Uko wahagera

Eritreya na Etiyopiya Vyatanye mu Mitwe ku Rubibe


Ababa mu gisagara ca Tsorona, ku rubibe hagati ya Etiyopiya na Eritreya, bavuga ko bnmvise urwamo rw’inkoho zikomeye, uno musi ku wa mbere. Ivyo mu gihe ivyo bihugu bibiri vyagirizanya ku wasomborokeje uwundi.

Ugutana mu mitwe gusa n’ukwashimikiye mu gisagara Tsorona, igisagara cabereyemwo ingwano, igihe Etiyopiya na Eritreya vyatana mu mitwe bipfa urubibe, hagati y’umwaka w’i 1998, n’umwaka w’i 2000.

Abarimyi bo ku ruhande rw’urubibe, ruri ku butaka bwa Etiyopiya, bavuga ko bumvise inkoho zikomeye zasana, mu masaha yo mu gitondo, co ku musi w’Imana. Ivyo vyakwirikiwe n’urwamo rwa vya muzinga, n’inkoho zikomakomeye, mu mpera z’umusi wo ku w’Imana. Bamenyesha kw’uwo rwamo rw’inkoho, na vya muzinga, rwabandanije gushika uno musi ku wa mbere.

Mw’itangazo, umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru w’igihugu ca Eritreya, yagirije Reta ya Etiyopiya kuba ariyo yatanguye igitero. Yamara Abategetsi ba Etiyopiya bavuga ko inteko z’igihugu zishuye ku gasomborotso ka Eritreya.

Nta makuru yatanzwe buno nyene kuboba bahasize agatwe canke bakomeretse.

XS
SM
MD
LG