Uko wahagera

Bangladesh: Igipolisi Kirahagarika Abakwekwa Ubwicanyi


Igipolisi ca Bangladesh kimenyesha ko cahagaritse abantu barenga ibihumbi bitanu mw’isekeza kimazemwo imisi itatu gihiga abagirizwa ubwicanyi.

Abategetsi babikoze inyuma y’ubwicanyi buhitiye mur’ico gihugu aho hari abantu b’intagondwa bari bamaze igihe bica abahurikiye mu madini y’inkehwa.

Umukuru w’igipolisi c’igihugu, Shahidul Hoque, yamenyesheje kuwa mungu ko mubafashwe harimwo abanywanyi 85 b’umuhari wa reta ya Kiyisilamu.

Uwo muhari nyene niwo wagirizwa iyicwa ry’abantu 30 muri Bangladesh kuva mu ntango z’umwaka uheze. Mu bishwe harimwo abo mw’idini ry’abakirisitu, abahindu, abaharanira agateka k’ababana bahuje ibitsina.

Umuhari wa reta ya Kiyisilamu umaze kwemanga ko wagize uruhara mu kwica abashika 20.

XS
SM
MD
LG