Uko wahagera

USA: Obama Yashikirije Ijambo Inyuma y'Ubwicanyi


Perezida Obama ashikiriza ijambo Abanyagihugu
Perezida Obama ashikiriza ijambo Abanyagihugu

Perezida wa Leta zunze ubumwe z’Amerika Barack Obama yategetse ko ibendera ry’igihugu rimanurwa gushika hagati kugira bibuke abasize ubuzima mu bwicanyi bwabaye kuwa mungu.

Umugabo azwi kw’izina rya Omar Saddiqui Mateen yihaye inkumbi, yinjira munzu yo kwidagaduramwo acucagira amasasu mu bantu, yica 50 akomeretsa 53.

Ni mu gitondo ca kare c’umusi wa mungu mu gisagara ca Orlando, muri leta ya Florida.

Mw’ijambo yashikirije kuwa mungu, Obama yavuze ko ubwo bwicanyi ar’igikorwa c’iterabwoba n’urwanko, avuga kandi ko igipolisi ca FBI kiriko kiragira amatohozwa.

Umushikirizamanza mukuru w’Amerika, Loretta Lynch, hamwe sekreteri ajejwe umutekano mu gihugu, Jeh Johnson bose uko ari babiri baciye bahagarika urugendo bari kujamwo mu gisagara ca Beijing mu nama y’umutekano n’abategetsi b’Ubushinwa.

Abategetsi bamenyesha ko uwo mugabo yar’afise imyaka 29 y’amavuko, yavukiye mu gisagara ca New York, ku bavyeyi bamuka mu gihugu ca Afganistani.

Abantu bashika ku 300 nibo bavugwa ko bari mur’iyo nzu y’ubutambiro igihe iryo bara ryagwa.

XS
SM
MD
LG