Uko wahagera

Somaliya: Al-Shabab Yiyiciye Abayo


Umugwi w’iterabwoba wa Al-Shabab muri Somalia umenyesha ko wishe abarwanyi bawo babiri, babahoye kutaba abizigirwa no guca kubiri n’ibikorwa vy’idini rya Isilamu.

Bose uko ari babiri bari binjijwe mur’uyo mugwi bakuwe muri Kenya.

Abo banyakenya babiri hamwe n’uwundi munyesomaliya biciwe hamwe mu ntara ya Juba muri Somaliya k’umusi wa gatanu.

Mu yindi ntara ya Bay, abandi bagabo bane barishwe na Al-shabab kur’uwo musi wa gatanu nyene bahorwa gusumira urusaku ibihugu vya Somaliya, Kenya hamwe n’ibigo vy’iperereza vy’Amerika, nkuko uwo mugwi nyene wabimenyesheje.

Al Shabab ivuga ko umwe mur’abo bagabo bane yagirizwa ko ariwe yafashije mu gitero c’indege ya Drone y’abanyamerika cabaye mu mwaka w’2014, cahitanye indongozi ya al-Shabab Ahmed Abdi Godane.

XS
SM
MD
LG