Uko wahagera

Itsinzi Ikomeye ya Golden State Warriors


Amahirwe y'umurwi wa Golden State Warriors yo kongera gutsinda shampiyona y'umukino w'intoki wa Basketball muri NBA abandanya kwiyongera inyuma y’aho uwo mugwi utsindiye Cleveland Cavaliers ku kibuga cayo ku manota 108-97.

Ugwo rukino rubaye ugwa gatatu Warriors itsinze mu mikino ine imaze guhuza iyo migwi. Warriors ikeneye gutsinda urukino rumwe gusa kugirango yegukane igikombe ca NBA c'uyu mwaka.

Imikino ibiri ikurikira ikazobera muri Reta ya Californie, mu gisagara ca Oakland.

Tubibutse ko iyi migwi ariyo yari yahuye mu mikino ya nyuma yastinzwe na Golden State Warriors umwaka uheze.

XS
SM
MD
LG