Uko wahagera

USA: Reta ya Kiyisilamu Iratera Ihera


Brett McGurk, Intumwa idasanzwe ya Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika m’urunani rwo kugwanya Reta ya kiyisilamu
Brett McGurk, Intumwa idasanzwe ya Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika m’urunani rwo kugwanya Reta ya kiyisilamu

Intumwa idasanzwe ya Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika m’urunani rwo kugwanya Reta ya kiyisilamu, Brett McGurk, yatangaje kuruyu wagatanu k’uyo mugwi uriko uratera uhera. Yavuze ko Reta ya ki islamu yatakaje ibice 50 ku ijana vy’aho bari barigaruriye, mu gihugu ca Irak, harimwo n’igice c’umupaka wa Turukiya.

McGurk, yabwiye abamenyesh’amakuru bakorera mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, ko abo bagwanyi batakaje ivyizigiro.

Ivyo ngo bikabonekera mu masanamu yabo, aho abarongozi babo baboneka bariko barica abagwanyi ku bibuga vy’ingwano, bongera basaba abanywanyi bashasha kwinjira muruyo muhari. Amasanamu akerekana kandi ko benshi bataye urugamba bagahunga.

Bamubajije kuvyerekeye umukuru wa Reta yaki islamu, Abu Bakr al-Baghdadi, McGurk yavuze ko ata gituma atokwemeza ko uyo mugabo atakiriho, narirya ataraseruka ahabona kuva mu mpera z’umwaka uheze. Baghdadi akaba kandi atanaserutse ngo yifurize amafungo meza abanywanyi biwe. Kuba uyo mugabo ataja ahabona ngo bigaragaza ko uyo muhari watakaje inguvu.

Uwujejwe umutekano wo hagati, mu nama nshingamateka ya Reta Zunze ubumwe za Amerika, Michael McCaul akaba yasohoye itangazo kur’uyu wakane rivuga ko nubwo ibiro vy’umukuru w’igihugu Barak Obama biriko biragerageza kwerekana ko abo bagwanyi batakigira inguvu, wewe ngo abona ko batera biyongera.

Intumwa y’umukuru w’igihugu, McGurk, aremeza ko hakiri vyinshi vyo gukora. Ku munsi wa kabiri, Perezida Obama akaba ategekanya kugira inama n’abahanuzi bakuru muvy’umutekano. Bakazorabira hamwe ibijanye no kwugara ibigega vy’uwo mugwi.

XS
SM
MD
LG