Uko wahagera

Afuganistani: Igisirikare ca Amerika Gifise Uruhara Rushasha


Prezida wa Amerika, Barack Obama
Prezida wa Amerika, Barack Obama

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yemeje uruhara rukomeye kurushiriza, rw’igisirikare ca Amerika, muri Afuganistani, rugenewe gufasha inteko zaho kurwanya Abatalibani.

Umugambi mushasha, wakwirikiye impari zamaze amezi, worekurira iyongerezwa ry’ibitero vy’indege z’ingwano, ku Batalibani igihe vyoba bikenewe.

Ivyo kandi bizokworohereza igikorwa c’inteko za Amerika, ku kugene zikorana n’inteko z’igihugu ca Afuganistani.

Uwo mugambi nturimwo inteko zirwanira ku butaka.

Iyo ngingo izosubira gutegekanya gushasha uruhara rw’inteko za Amerika, muri Afuganistani. Ivyo inyuma y’ikiringo kirenga umwaka inteko zijejwe kurwana zo mu mahanga zirangije ibikorwa vyazo muri Afuganistani.

Bibaye kandi amezi atandatu imbere yuko inteko ibihumbi icenda n’amajana umunani, za Reta Zunze Ubumwe za Amerika, muri Afuganistani, zigabanywa gushika ku nteko ibihumbi bitanu, ingingo perezida Obama yasavye ko ija mu ngiro mu mwaka w’i 2017.

XS
SM
MD
LG