Uko wahagera

Amerika na Pakistani Biriko Birondera Gusubiza Hamwe


Abategetsi bakomeye ba Amerika bariko babonana na bagenzi babo b'igihugu ca Pakistani, Jitaliki cumi z'ukwezi kwa gatandatu, umwaka w'i 2016, muri Pakistani
Abategetsi bakomeye ba Amerika bariko babonana na bagenzi babo b'igihugu ca Pakistani, Jitaliki cumi z'ukwezi kwa gatandatu, umwaka w'i 2016, muri Pakistani

Abategetsi bakomeye ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika bagiranye ibiganiro na bagenzi babo bo mu gihugu ca Pakistani, uno musi ku wa gatanu.

Baganiye ku bibazo birimwo igitero c’indege itagira umudereva giherutse kugirwa muri Pakistani, cahitanye umutegetsi mukuru w’Abatalibani bo muri Afuganistani. Ivyo vyatumye imigenderanire itari yifashe neza, hagati ya Amerika na Pakistani, itosekara kurushiriza.

Umuhanuzi w’umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, ku bibazo vyerekeye amahanga, Sartaj Aziz, niwe yayoboye abaserukiye Pakistani.

Umurwi w’abaserukiye Reta Zunze Ubumwe za Amerika, uwimwo, Peter Lavoy, umuyobozi mukuru ku vyerekeye Afuganistani na Pakistani, mu rwego rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi, rw’’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, na Richard Olson, intumwa idasanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, muri Afuganistani na Pakistani.

Umuhanuzi w’umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, Sartaj Aziz, yashikirije ubutumwa bukomeye bwa Amerika, kw’igitero c’indege itagaira umudereva cabaye kw’italiki 21 z’ukwezi kwa gatanu, bitarenze gusa ku bwigenge bw’igihugu ca Pakistani , ko vyarenze kandi ku ngingo z’amasezerano y’ishirahamwe O-N-U. Amenyesha kandi koi co gitero kirenga ku migendenire hagati ya Amerika na Pakistani.

XS
SM
MD
LG