Uko wahagera

Peru: Pedro Pablo Kuczynski Yatsinze Amatora


Pedro Pablo Kuczynski
Pedro Pablo Kuczynski

Mu gihugu ca Peru, Pedro Pablo Kuczynski niwe yatahukanye intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu.

Umurwi ujejwe gutunganya amatora washikirije ko Kuczynski yaronse amajwi 51.1 kw’ijana mugihe Keiko Fujimori, umukobwa w’uwahoze atwara ico gihugu Alberto Fujimori yatahukanye amajwi 49.9 kw’ijana.

Ariko Umugwi utegura amatora utangaza ko ugiye kubangira gutangaza kumugaragaro uwatsinze mugihe ukiriko uriga ibirego vyashikirijwe ko habayemwo utunenge. Ariko biragaragara ko Pablo ariwe yatsinze.

Hari haheze indwi, Fujimori ariwe ahabwa amahirwe yo gutahukana intsinzi ariko abanyagihugu baciye bahindura ivyiyumviro ku munota wa nyuma.

Abakurikiranira hafi ayo matora bavuga ko yoba yazize se wiwe asanzwe afunzwe yagirizwa guhohotera ikiremwa muntu, kurya ibiturire mugihe c’intwaro yiwe.

Kuczynski yemereye abanyagihugu ko agiye kwitanga mu gusanura igihugu no kugabanya amatagisi kugira ubutunzi bwisununure.

XS
SM
MD
LG