Uko wahagera

Perezida Obama Yashigikiye Icese Hillary Clinton


Perezida wa Amerika, Barack Obama

Perezida wa Amerika, Barack Obama

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yashigikiye icese Hillary Clinton. Ivyo imisi ibiri inyuma yuko, Hillary Clinton, yahoze ari umushikiranganaji ajejwe imigenderanire, ashikanye igitigiri gikenewe c’intumwa zizoshikiriza amajwi mw’ikoraniro rikuru ry’umugambwe w’Abademokrate mu kwezi kuza.

Perezida Obama, yakeje Hillary Clinton, kuba yanjiye mu mateka, mu kuba arwiwe yitezweko azoserukira umugambwe w’Abademokrate, mu matora y’umukuru w’igihugu azoba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu kwezi kw’icumi na rimwe muri uyu mwaka.

Ivyo perezida Obama, yabitangaje ku musi wa kane, muri video yasohowe, ku kibanza ngurukanabumenyi c’abajejwe igikorwa c’ukwiyamamaza ca Hillary Clinton.

Perezida Obama, yahayagije Hillary Clinton, igihe yatangaza icese kw’amashigikiye. Perezida Obama, yatangaje ko yibaza ko ata muntu numwe yibaza ko afise ubushobozi bw’’ukuba prezida, nkubwo Hillary Clinton afise.

Obama, yavuze ko Hillary Clinton, afise ubutwari, umuntima w’ukwumva abandi, n’umutima w’ukuragura neza akazi.

Ingingo ya perezida Obama, y’ugushigikira icese Hillary Clinton, yahaye inguvu abajejwe igikorwa c’ukwiyamamaza ciwe, mu gihe agiye gushimikira ku gikorwa c’uguhangana, na Donald Trump, yitezwe guserukira umugambwe w’Abarepublika, mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi na rimwe.

XS
SM
MD
LG