Uko wahagera

Somaliya: Abarwanyi ba Al-Shabab 110 Bishwe


Kur’uyu wa kane, muri Somaliya, abasirikare b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afurika batanye mu mitwe n’abagwanyi b’umuhari al-Shabab.

Abategetsi hamwe n’abanyagihugu bavuga ko abanywanyi b’umuhari al-Shabab bateze ikibombe mu madoka, bariko bagerageza gutera ahari abasirikare bo muri Etiyopiya, mu gisagara ca Halgan. Aho ni ku birometero 260 mu majaruguru uva I Mogadishu.

Colonel Joseph Kibet, avugira igisirikare c’ubumwe bwa Afurika, AMISOM, yabwiye radiyo Ijwi rya Amerika ko abasirikare bo muri Etiyopiya n’abanyasomaliya bazindutse bigiza kure abagwanyi ba al-Shabab. Yavuze kandi ko iyo mishamirano yahitanye abagera kw’110 mu bagwanyi ba al-Shabab.

Umukuru w’igisagara ca Halgan, Guhad Abdi Warsame, yavuze ko abagwanyi b’umuhari al-Shabab bamaze guteshwa kabiri. Mu gitero kimwe, al-Shabab yari yateye abasirikare ba Etiyopiya, mu kindi naco itera aba Somaliya. Ivyo bitero vyose, al-Shabab yarabitakaje. Guhad avuga ko ibiziga vy’abagwanyi ba al-Shabab vyari mu mihana.

Naho abagwanyi ba al-Shabab batangarije kw’iradiyo yabo ko bishe abasirikare ba Etiyopiya 43, abanyagihugu bo murako karere, bobo, bavuga ko abasirikare ba Reta hamwe n’abanya Etiyopiya aribo bafise mu minwe ico gisagara. Abanyagihugu batanu ni bo baguye muriyo ntambara.

Mu bitero biheruka, abasirikare b’Abarundi 54, Abaganda 19, hamwe n’Abanyakenya 100 nibo bahasize ubuzima, mu bisagara vya Leego, Janaale na El-Adde.

XS
SM
MD
LG