Uko wahagera

Israel Izabuza Abanyapalestina Gutembera


Abanya Israel bariko bamurika amabuji hafi y'ahabereye igitero c'Abanyapalestina mu gisagara ca Tel Aviv, kw'italiki 9, ukwezi kwa gatandatu, umwaka w'i 2016.

Abanya Israel bariko bamurika amabuji hafi y'ahabereye igitero c'Abanyapalestina mu gisagara ca Tel Aviv, kw'italiki 9, ukwezi kwa gatandatu, umwaka w'i 2016.

Igihugu ca Israel, cabaye kirahagarika uburengenzira bw’ugutembera ku banyapalesitina ibihumbi mirongo umunani na bitatu, mu gihe c’ukwezi guhezagiye kw’iramazani.

Ivyo inyuma yuko Abanyapalestina babiri bitwaje ibirwanisho barashe ku bantu bari bariko barasuma n’abariko barafungura, mu kibanza kirimwo isoko hafi y’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi. Ico gitero cahitenye abantu bane, abandi batanu barakomereka, ku murwa mukuru, Tel Aviv, ku musi wa gatatu mw’ijoro.

Uburenganzira bwose bw’imiryango y’Abanyapalestina bw’ukugenrdera Israel, ivuye mu karere ka Judeya, na Samariya, bwahagaritswe. Ivyo vyatangwe n’ibiro bijejwe ibibazo vyerekeye abasivile, mu ntara ya Cisjordaniya, mw’itangazo uno musi ku wa kane.

Iryo tegeko ryerekeye Abanyapalesitina amajana n’amajana bo, mu karere ka Gaza, n’incuti amajana abiri na zine z’umwe, mu bagirizwa ku bagize igitero mu gisagara ca Tel Aviv. Bose bazoziririzwa kugendera incuti zabo, ziri mu bisabisho vy’iramazani, mu gisagara ca Yeruzalemu, hamwe n’ukuja mu mahanga baciye ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Tel Aviv.

Igisirikare ca Israel kandi catangaje ko kizorungika izindi nteko amajana n’amajana, mu ntara ya Cisjordaniya, mu gikorwa c’ukwishura ku gitero co mu gisagara ca Tel Aviv. Igipolisi ca Israel, catangaje kw’igitero co ku musi wa gatatu, ari igitero c’iterabwoba.

XS
SM
MD
LG