Uko wahagera

Ubutaliyano Bwapfunze Umunyaeritreya Atariwe


Mu gihugu c’Ubutaliyano, yagirizwa kuba ari umuntu akora ibikorwa biteye kubiri n’amategeko, vy’ukondera kwinjiza abantu mu karere k’i Bulya, bavuga ko igipolisi gipfunze umuntu atariwe.

Igipolisi c’Ubutaliyano catanagaje, ejo ku musi wa gatatu, ko Medhanie Yehdogo Mered, yagirizwa ko yariwe ayobowe umwe mu mirwi ikomeye cane yinjiza mu karere k’i Bulaya, abantu bavuye mu igihugu ca Libiya, yatawe mu mvuto inyuma yuko arungitswe avanywe muri Sudani.

Amakuru atandukanye, yamara amenyesha kw’uwo muntu apfunzwe, mu vy’ukuri, ari uwundi munya Eritreya, afise zina rya mbere nk’iryo, Medhanie Tesfamariam Berhe.

Segen Tesfamariam Berhe, mushiki wa Berhe, yabwiye Ijwi rya Amerika, ko natari azi ko musazawe yarungitswe mu Butaliyano, imbere yuko abona amasanamu yiwe mu binyamakuru, na televiziyo.

Amenyesha ko amaze indwi zibiri gushika kuri zitatu, amurondera mu biro vy’igipolisi bitandukanye, ku murwa mukuru wa Sudani, Khartoum.

Berhe, avurwa ko afise imyaka mirongo ibiri n’ibiri, mu gihe Mered, yagirizwa kwinjiza abimukira mu karere k’i Bulaya, avurwa ko afise imyaka mirongo itatu n’itanu.

XS
SM
MD
LG