Uko wahagera

Amerika Yarungike Ubwato bw’Intambara muri Mediterane


Leta zunze ubumwe z’Amerika zarungitse ubwato butwara indege bubiri mw’ibahari mediterane kugira bufashe gukingira inyungu z’abanyaburaya no gufasha mu rugamba n’umuhari wa reta ya Kiyisilamu.

Umwe mu bategetsi b’igisirikare c’Amerika yabwiye ijwi ry’Amerika ko ubwato bumwe bugiye gufasha inteko mvamakungu zirongowe n’Amerika ziri mu rugamba na reta ya Kiyisilamu muri Iraki na Siriya.

Ariko uwo mutegetsi nyene atangaza ko ukwongereza ibikoresho vya gisirikare mw’ibahari mediterane bishobora kuvyura amatati hagati y’Amerika n’Uburusiya mugihe n’Uburusiya busanzwe bufise ubwato bw’intambara mur’iyo bahari.

XS
SM
MD
LG