Uko wahagera

ONU: Eritreya Gihohotera Ikiremwa Muntu


Amasinzi y'abantu basaba ko ONU ifatira Eritreya ibihano
Amasinzi y'abantu basaba ko ONU ifatira Eritreya ibihano

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryagiriza reta ya Eritreya ko imaze imyaka 25 ikora ubwicanyi buteguwe ku banyagihugu, bushobora kwitwa ivyaha bihohotera ikiremwa muntu.

Amatohozwa yashizwe ahabona n’igisata ca ONU gikurikirana ivy’agateka ka muntu mur’ico gihugu aremeza ko reta ya Eritreya itwaza umukazo n’agahotoro.

ONU itangaza ko abantu baborezwa igufa, abandi nk’abakenyezi bagafatwa ku nguvu ndetse abandi bakicwa. Ivyo ngo bikorerwa mu mabohero yo mur’ico gihugu, mu makambi ya gisirikare no mu bindi bigo aho abanyamahanga badashobora gushika vyoroshe.

Abantu bari hagati y’ibihimbi 300 n’ibihumbi 400 nibo bakoreshwa nk’abaja mur’ico gihugu mu myaka 25 iheze, bakoreshwa na reta.

Abakoze ayo matohozwa bamenyesha ko bafise amazina y’abagize uruhara mur’ivyo vyaha vyose kandi ko ata nkeka bakoze ivyaha bihohotera ikiremwa muntu

Basaba Inama ya ONU ijejwe kubahiriza amahoro n’umutekano gushengeza igihugu ca Eritreya imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Komisiyo ya ONU yagize ayo matohoza, itegekanya gushikiriza ico cegeranyo igisata ca ONU kijekwe agateka ka muntu kw’igenekerezo rya 21, z’uku kwezi kwa gatandatu.

XS
SM
MD
LG