Uko wahagera

Hillary Clinton Yakoze Amateka Muri USA


Hillary Clinton abaye umupfasoni wa mbere aserukiye umugambwe ukomeye muri USA
Hillary Clinton abaye umupfasoni wa mbere aserukiye umugambwe ukomeye muri USA

Hillary Clinton, yatsindiye kuzogenwa n’umugambwe wiwe w'abademokrate, mu matora y'umukuru w'igihugu. Abaye umupfasoni wa mbere aserukiye umugambwe ukomeye muri Reta Ziunze Ubumwe za Amerika, mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu kwezi kw’icumi na rimwe muri uyu mwaka.

Uwo bahiganwa, Senateri Bernie Sanders, yatsinze amatora ya mbere mu ma Reta ya Dakota yo mu buraruko, na Montana, ku musi wa kabiri. Yamara, Hillary Clinton, yatsinze ame Reta ya Dakota yo mu bumanuko, New Mexico, New Jersey na Californiya.

Perezida Barack Obama, yarakeje Hillary Clinton, kuba yashikanye igitigiri gikenewe c’intumwa zizoshikiriza amajwi, mw’ikoraniro rikuru ry’umugambwe w’Abademokrate mu kwezi kuza.

Yongeye kandi ashimira Senateri Sanders kuba yashoboye gushigikirwa n’Abanyamerika imiliyoni n’imiliyoni, n’ukuba yatumye abantu bakwirikirana ibibazo, nk’ivyerekeye urugamba rw’ukurwanya ubusumbane mu bijanye n’ubutunzi.

Umupfasoni Clinton, yarashikirije ijambo abantu isinzi, bariko bazungagiza amadarapo ya Amerika, mu gice ca Brooklyn, muri Reta ya New York, ku muhingamwo wo ku musi wa kabiri.

Yatangaje ko buzoba bubaye ubwa mbere, mu mateka ya Amerika, umupfasoni azoba agenywe n’umugambwe ukomeye kugira awuserukire, mu matora y’umukuru w’igihugu.

XS
SM
MD
LG