Uko wahagera

Afuganisitani: Abantu Barenga 40 Banyurujwe


Abarwanyi mu gihugu ca Afuganistani banyuruje abantu 40 bari muri busi, mu ntara ya Kunduz, mu buraruko bw’igihugu mu gitondo co kuruyu wa gatatu.

Jenerali Mohammad Qaseem Jangalbagh, umutegetsi mukuru w’igipolisi mu ntara ya Kunduz, avuga ko iyo bisi yari itwaye abantu 47. Yamara inteko zijejwe umutekano zashoboye gutabara bakeyi muribo.

Igipolisi kiriko gitegura muri iki gihe igikorwa c’ukubohoza abasigaye.Nta murwi uriiytirira ico gitero. Iri n’irigira gatatu, abantu batari bake banyuruzwa, mu misi icenda irangiye. Abo bantu bose banyururijwe, mu buraruko bw’igihugu ca Afuganisitani.

Abarwanyi b’Abatalibani barishe abantu batari bake, mu ntara ya Kunduz, mu ndwi iheze, mu gihe banyuruje abantu bagera mu majana abiri.

XS
SM
MD
LG